Abarundi biyandikishije kuzotora, kuri uyu wa mbere bazindutse baja kwitorera abajenama ba komine. Amaradio ashika kuri cumi n’atanu yo mu Burundi yagize urunani kugira ngo ashikirize amakuru asa kuva isaha cumi n’imwe zo mu gitondo zo kuri uyu wa mbere 24.05.2010, gushika isaha cumi n’imwe zo kumugoroba zo ku munsi wa kabiri 25.05.2010.

Nkuko biriko bishikirizwa n’amanyamakuru barungitswe mu ma komine atandukanye agize U Burundi, amatora ngo yatanguye neza kandi akaba ariko arabandanya neza. Hamwe hamwe bakaba babanje guha akanya abatama n’abatamakazi ngo abe aribo batangura kugira bace bitahira izuba ritaraba ryinshi.

image
Uyu mukenyezi yatoreye mu kayanza
mu gitondo cyo kuri uyu wa mbere

Twobamenyesha ko ibiro vy’amatora vyuguruwe isaha cumi na zibiri zo mugatondo bigategekanywa ko biza kugara isaha cumi z’umugoroba. Ariko hamwe vyoshika hakagira aho bateba guheza baza kugara isaha cumi na zibiri zo kumugoroba.

Foto: Nduwayo B.

Bienvenue Nduwayo/isange Burundi

 

http://www.igihe.com/news-7-26-4875.html

Posté par rwandaises.com